ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Uno musi

Ku wa kane, 6 Munyonyo

Mukenguruke muri vyose.—1 Tes. 5:18.

Turi n’imvo nyinshi zotuma dukengurukira Yehova mw’isengesho. Turashobora gukengurukira Yehova ku vyiza vyose yaduhaye; kanatsinda ingabirano nziza yose iva kuri we. (Yak. 1:17) Nk’akarorero, twoshobora kumukengurukira kubera isi nziza yaduhaye be n’ibindi bintu bitangaje yaremye. Turashobora kandi kumukengurukira kubona yaraduhaye ubuzima, umuryango, abagenzi be n’icizigiro. Vyongeye, twomukengurukira kuba yaratwemereye ko tugiranira ubugenzi na we. Hari aho vyosaba ko tugira akigoro kadasanzwe kugira ngo twiyumvire imvo zotuma dukengurukira Yehova ku giti cacu. Tubaye mw’isi yuzuye abantu b’intashima. Akenshi abantu bitwararika kuronka ivyo bipfuza aho kwitwararika kumenya ico bokora, kugira ngo berekane ko bakenguruka ivyo bafise. Hamwe ako gatima kotwandukira, wosanga dusigaye dutura amasengesho yo gusaba gusa. Kugira ngo ivyo ntibidushikire, turakwiye kubandanya twerekana ko dukenguruka ibintu vyose Yehova adukorera.—Luka 6:45. w23.05 4 ing. 8-9

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatanu, 7 Munyonyo

Nagume asaba yizeye, adakekeranya na gatoyi.—Yak. 1:6.

Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi adukunda, ntiyipfuza kubona tumererwa nabi. (Yes. 63:9) Naho ari ukwo, ntaca adukingira ingorane zose zidushikira, izo twogereranya n’inzuzi canke urubeya. (Yes. 43:2) Ariko rero, aradusezeranira kudufasha “nitwaca” muri izo ngorane. Vyongeye ntazoreka ngo izo ngorane zitwonkore kuri we. Yehova araturonsa kandi impwemu yiwe nyeranda y’ububasha kugira ngo idufashe kwihangana. (Luka 11:13; Flp. 4:13) Ivyo bituma twizigira ko azokwama aturonsa ivyo dukeneye vyose kugira ngo twihangane kandi tugume turi intahemuka kuri we. Yehova yiteze ko tumwizigira. (Heb. 11:6) Rimwe na rimwe turashikirwa n’ingorane zisa n’iziturengeye. Twoshobora mbere gutangura gukekeranya nimba Yehova azodufasha. Ariko rero Bibiliya iradukura amazinda ko dushobora «kwurira uruzitiro» tubifashijwemwo n’ububasha bw’Imana. (Zab. 18:29) Aho gukekeranya rero, turakwiye gusenga Yehova tubigiranye ukwizera gukomeye, twizigiye ko yishura amasengesho yacu.—Yak. 1:​6, 7. w23.11 22 ing. 8-9

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatandatu, 8 Munyonyo

Imbeya [z’urukundo] ni umuriro ururumba, urubeya rwa Yehova. Amazi asuriranya ntashobora kuzimya urukundo, kandi n’inzuzi ntizishobora kurutwara.—Ind. 8:​6, 7.

Umve nawe ingene urukundo nyakuri rudondorwa mu buryo bukora ku mutima! Ayo majambo arimwo iciyumviro kiremesha, na co kikaba ari iki: Murashobora gukundana urukundo rudahera. Kugira abubakanye bakundane urukundo rudahera igihe cose bakiriho, biva kuri bo. Raba akarorero: Kugira ngo umuriro ugume waka, bisaba ko uguma wegenyezwa. Bitagenze ukwo, uburuhiro urazima. N’urukundo umugabo n’umugore bakundana ntirushobora kuguma rukomeye, batagumye bakomeza ubucuti bafitaniye. Rimwe na rimwe, abubakanye boshobora kwumva ko urwo bakundana ruriko ruratimba, canecane iyo baremerewe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, iz’amagara, canke umwitwarariko wo kurera abana. Rero, kugira umugabo n’umugore batume ‘urubeya rwa Yehova’ ruguma rwaka mu mubano wabo, bategerezwa gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova. w23.05 20-21 ing. 1-3

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika